Tous droits réservés

Insiguro y’amazina bita amezi mu Kirundi

Amezi 12 dufise mu mwaka n'insiguro y'amazina yitwa mu Kirundi

Dernière mise à jour :
Auteur :
Catégories :
Temps de lecture estimé : 6 minutes

ukweziMu Kirundi, co kimwe no mu zindi ndimi, amazi arafise amazina. Kenshi uko bayitirira bafatira kubihe abantu baba babayemwo biguma vyibonekeza muri ukwo kwezi. Kenshi na kenshi bafatira ku vyimburwa n’imvura. Ivyo vyatumwa n’uko ibikorwa vyose vyakorwa mu Burundi bw’aho hambere vyafatira ku burimyi n’ubworozi nabwo bikaba bizwi ko bufatira ku mvura. Kurikirana aha munsi amamuko y’amazina baha baha amezi.

Nzéro( January)

Ukwezi kwa mbere mu mwaka. Muri ukwo kwezi bivurwa ko kwarimwo inzara izura inzara kuko abantu baba bavuye mu ci aho atacimburwa na kimwe kiba kiri mu kigega kiretse ibihitira. Kenshi rero bakunze kuvuga ko Nzero yoba ari inzara. Benshi baranagutazira “ukwezi kwa Ndabigire nte”, ni ukuvuga ukwezi kw’ibibazo bidasanzwe. Ukwezi umuntu yaguma yijijanya imitima yibaza ukwo agiye kubaho.

Ruhuhúma ( February)

Ni ukwezi kugira kabiri mu mwaka. Muri ukwo kwezi, imvura iba yamaze kugwira mw-ijuru. Iba igwa cane ikabuza abantu gusohoka. Yarashobora kwirizako. Aho gusa hari kera ibihe bitarahinduka. Bakunda kuvuga ngo ukwo kwezi ni “Ruhuhuma ruhuhuma imvura n’imituragaro”.

Ntwāranté (March)

Uku nakwo kugira gatatu. Muri ukwo kwezi ivyimburwa vyarimwe ku mutasuro vyaba vyeze. Nk’uko mubibona mw-izina, haba ari igihe abantu baba bagorwa no kwimbura bakabura uko babikika. Haba heze imyungu, ibigori, ibiraya, n’ibindi. Ntwarante rero ryafatiye ku muvyeyi yaba yiriwe ararimira ibiharage, agaca ataha atahanye ibigori mu gishwaburira, afise isuka ku rutugu, ikibondo i mugongo azanye n’umwungu mu ntoke. Urumva ko yaba aremerewe

Ndamukiza (april)

Muri ukwo kwezi, imvura ibi igwa cane. Inzuzi zikuzura. Abantu ntibabe bakironka ingene bazijabuka vyoroshe. Musanzwe muzi ko abarundi b’aho hambere bakunda kugenderanira no kuramukanya ; iyo inzuzi zuzuye baca bikora ku majwi bagatuma abo babonye hakurya bati ‘urandamukiriza abandi’. Aho niho rero baciye bakura izina Ndamukiza bise ukwezi kwa kane.

Rusama (may)

Uku nakwo nikwo imvura yacikamwo. Haba havuga imituragaro n’imvura igwa ihwehura idafashe. Bakwita Rusama rusama imvura n’imituragaro. Muri Rusama, warashobora kuba uri ku mutumba wo hakuno ukanyagirwa ugatota ariko uri hakurya atuma inkungugu. Rusama bakwita kandi Rwirabura, kuko kwari ukwezi igihugu caboneramwo amakuba atari make. Bagufata nk’ukwezi kw’imikoshi : ntawubaka inzu canke ngo yimuke muri Rwirabura ; eka mbere ntan’uwashinga umuryango.

Ruheshi (june)

Uku nakwo kwarangwa n’umuyaga mwinshi (ariho bahitiriye ngo umuyaga w’impeshi) n’igikonyozi kivanze n’imbeho nyinshi. Ni muri ukwo kwezi ici ryatangura. Haba hari udukorwa twinshi ; barima bihuta ngo imirima nticikirirwe ngo yume. Ni muri ukwo kwezi bakamiririzamwo ibijumbu bizera muri Kigarama.

Mukakaro (july)

Uku nakwo ni ukwezi kwo muci hagati na hagati. Izuba riba rimena agahanga mbere n’isi igakakarara ikata imigaga. Ntamuntu aba asohora isuka yo kurima kireste mu mwonga. Uku kwezi nikwo bashwaburamwo ibiharage, ubwishaza n’ingano. Ivyo bisanzwe ari ibiterwa bikunda gusarurwa vyumye, bidakundana n’imvura. Ibikorwa vyinshi vyakorerwa ku muhana.

Myandagaro (august)

Nakwo nyene izuba riba ari igisararwe. Ivyo bimbuye muri mukakaro baba bariko baravyegeranya: baragenya ingano, bagakubita ibiharage, ubwishaza, n’ibindi. Abantu baba bama bagandagaje ku nama bakora ivyo bikorwa, imirara y’amasaka, ibirundo vy’ubwishaza, ibiharage n’ingano zo gusekura vyandagaye hose. Niho bakwise Myandagaro. Muri uku kwezi, niho haba n’iminsi mikuru yo kwigina umwimbu no kuramukanya.

Nyakanga (September)

Nikwo kwezi kw’umutasuro. Nikwo baturiramwo imiyonga. Inka zagishe inka zaba zitanguye kugishuka. Zimwe zaza zavyaye abana baheruka kera akanga k’amata bagaca basubira bakabombeka umutima. Aho niho abantu baca batangura gutera ibigori n’ibindi biterwa vy’umutasuro.

Gitugutu ( October)

Imvura yaba yafashe. Bakwise Gitugutu kuko haba haguma hatigita imituragaro n’imvura nyinshi. Bacita gitugutu gituguta imvura n’imituragaro.

Munyonyo (november)

Nakwone bafatiye ku mvura. Iba yatanguye kuba urushana hamwe ishobora kugwa umunsi wose n’imirima ikanyonyera. Kubera gucokomera, wasanga ibitegwa bitarinda imvura bica binyonyera ari naho bakwita munyonyo.

Kigarama (december)

Ukwezi kw’agahimbo. Ivyarimwe ku mpeshi vyose vyaba vyeze kandi na bimwe bimbura muri Mukakaro na Myandagaro. Nikwo kwezi kw’umuganuro. Abantu baba baguwe neza bagaramanga mu mihana iwabo bamerewe neza. Benshi baba banezerewe n’uko bagire barangize umwaka bakomeye.


Amazina y’amezi mu Kirundi ariko arazimangana. Abaruka ubu bariyorohereza bakayavuga mu ndimi zindi nk’igifaransa canke icongereza. Mu bishobora kuba bibituma ni ukuba batazi igituma ayo mezi yitwa amazina yitwa ubu, bikabaviramwo kuyibagira. Ni co gituma twahisemwo kubaronderera izi nsiguro kugira tubandanye tuyakoresha. Izi nsiguro twazihawe n’abakurambere bo mu ntara kama ya Mugamba, i Gisozi ca Mwaro.

Aucun commentaire

Vous devez être connecté pour pouvoir poster un message.
Connexion

Pas encore inscrit ?

Créez un compte en une minute pour profiter pleinement de toutes les fonctionnalités de Zeste de Savoir. Ici, tout est gratuit et sans publicité.
Créer un compte