Tous droits réservés

Umugani: “Inarunyonga ahenda umwami”

Dernière mise à jour :
Auteur :
Catégorie :
Temps de lecture estimé : 3 minutes

Inarunyonga ni umugore yakora ivyo abandi badakora. Yambara nk’abagabo ata mugore n’umwe wo mu gihe ciwe yovyubahuka, agakora ico cose kitorohera abandi bagore. Tumusanga mu bujajuro, eka n’imigani myinshi arayivugwamwo. Nk’uyu uvuga ukuntu yabeshe umwami. Soma musoserwe!

Ido n'ido ry'umugani

*Umusi umwe, umwami yabajije Runyonga ateramiye ku kirimba aho yari yashengeye mu bandi bagabo ati: “Mbega Runyonga, numvise ngo nyoko arahendana, ni vyo? ”

Uri uwundi ati: “Mwami w’i Burundi, ntibabesha na mba. Nawe yoguhenda!”

N’agasuzuguro kenshi umwami aritwengera. Azunza umutwe gatatu imbere yo kumwamirira kure avuga ati: “Oya sinohendwa n’umugore nawenu. Uramuzana agerageze turabe”.

Baraterama, barasoma akuki. Bugingo amasaha yo gushenguruka kuri bamwe ageze, umwami asubira kwibutsa Rnyonga ivyo yamutumye. “Urazana uwo mugore yigize ngo arazi kubesha ndabe ko ari bunshobore. Akabishobora nzoguha akabande k’inka.”

Runyonga arataha. Ashitse i muhira, aha nko ku kirengazuba, asanga nyina ariko ahuha intozi azimagiza azijana mw’isoko. Akimubonye aca aramusanganira amubaza ijambo akuye i bwami.

Runyonga aramuramutsa, hanyuma amwiganira ivyo umwami yamubariye. Inarunyonga avyumvise ati : “Reka ejo nzomwereka”.

Iryo joro ntiyaryamye. Yaraye akanura, aburerekera mu rugi kugira bwenzure nawe ace ahafata, aje kumwereka ico ari co.

Ahenga umutwenzi utambitse arisokora; afata icumu n’umuheto ahagatira impuzu bwa kigabo afata akayira. Yashitse hakurya y’ikirimba hariko hegereza amakama.

Arajabuka akuzi kari mu kabande musi y’umusozi uriko ikirimba, agenda n’i bwami, ashikira ku nama !

Umwami aciye aho ku nama, abona umuntu ahagazeho ataco yinona yambaye nk’ingabo ziwe, yibwira ko ari imwe muri zo, canke umushingantahe yoba aturutse i buganwa kure y’ikirimba. Ni ko kumuramutsa n’icubahiro cinshi ati:“Amasho mushinganta!”

Inarunyonga utanka, avyibusha ijwi nk’umugabo hanyuma arishura umwami ati : ”Masho sabwa”. Umwami arabandanya iyo yaja. Inarunyonga nawe amuja mu nyuma. Haheze akanya umwami arakebwa arahagarara. Aha amuvugishije irindi,Inarunyonga asubiye kuvuga ijwi nk’iryiwe, ni ho yatahura ko wamuntu ari Inarunyonga yiyoberanije.

Umwami agwa mu gahundwe, aca atumako Runyonga aze gutora akabande k’inka, kuko yari ahejeje kumutsinda. Runyonga ashitse umwami, n’ibimaramare vyinshi amubwira ati: “Genda urakankoreye! Ese iyo ampenda gusa ntituramukanye !”*


Imigani nk’iyi irafise akamaro kanini mu ndero y’ikirundi.

Aucun commentaire

Vous devez être connecté pour pouvoir poster un message.
Connexion

Pas encore inscrit ?

Créez un compte en une minute pour profiter pleinement de toutes les fonctionnalités de Zeste de Savoir. Ici, tout est gratuit et sans publicité.
Créer un compte