Tous droits réservés

#MenyAkahiseKawe: Bihome umutabazi w’umwami Mwezi Gisabo

Kumenya ivyo twabayemwo tutari tuzi

Publié :
Auteur :
Catégorie :
Temps de lecture estimé : 5 minutes

Kumenya akahise neza bifasha gutegura akazoza keza. Muri buno butohozi bwa mbere, twipfuje kubayagira ku muntu ahambaye cane mu Burundi. Umuntu yiguze igihugu izuba riva, yagwaniye agateka k’igihugu ciwe, atuma Uburundi bwubahwa mbere bugumana iteka. Uwo muntu ni umutabazi Bihome.

Iyo ntore ni nde?

Izina rya Bihome ritangura kuvugwa inyuma y’umuzo w’abazungu, mu ntango y’ikinjana ca mirongo ibiri. Ubuzima bwiwe bw’imbere y’aho ntaco babuvugako. Icibonekeza gusa ni uko yari umwishikira i bwami. Ishusho yonyene abonekako (nk’uko babivuga) iravyerekana. Aboneka yicaye i buryo bwa Mwezi Gisabo, inyuma y’abazungu babiri b’ivyanwa birebire bacagatiye umwami Mwezi. Aho hantu aboneka neza ko atariko arya ifyeri ryo gufotorwa, ahubwo yasa n’uwucunze ngo ivyo bishema ntibihinduke umwami. Ivyo birerekana ko ikibanza Bihome yari afise i bwami kitari gisanzwe.

Iyo foto yafashwe n’abasesankomoko, mu gifaransa “antropologues”, baturuka mu gihugu c’ubudagi, igihe bariko bariga uko abarundi babayeho. Tubibutse ko abakoloni, imbere yo gutangura gucura bufuni na buhoro igihugu ico arico cose, babanza kurungika abasesamiryango babo bakaciga bacegereye. Bamaze kumenya uko abantu baho babayeho, baca bazana abigisha ijambo ry’Imana. Abo rero baza babashishitira bakabakwegakwega babaryosharyosha kugire bashobore kubashira ku murongo wabo. Barababwira ngo bahebe imigenzo yabo yo gusenga no kwemera Imana babahenda ngo ijana mu muriro. Bamaze kubigarurira, haza ingabo, zizananye n’abaje gushinga intwaro. No mu Burundi vyagenze uko.

Ubutwari bwa Bihome bwagaragaye muri ico kiringo ca gatatu c’ukwinjiranwa. Igihe abadagi bariko bararwana n’ingabo z’umwami zikoresha umuheto nabo bakoresha ibikoho bikomakomeye, vyaraboneka ko umwami ageramiwe. Kubera ubukomezi bw’ abadasigana, ingabo z’umwami, abadagi babaye nk’abariye amavubi. Baje ata kindi bagamije atari kugandagura umwami. Bari bamaze kubura benshi babo, mu ndwano hagati na bo n’ingabo z’umwami. Ko bari babonye bashitse ku kirimba c’umwami w’Uburundi, bagire babukore mu jisho. Abanyamabanga barakoranye, umwami Mwezi Gisabo aranyegera. Abadagi baramuhize hasi hejuru ariko ntibamwuva ishwashwa.

Niko guca baja barabaririkiza, mu mihana uwoba azi irengero ryiwe. Bahavuye baronka ibimenabanga bivuga ko umwami amaze iminsi kwa Bihome. Baca bajayo, urugo bararukikuza. Umwami yabona ko ubwiwe buheze. Ariko Bihome igihe ciwe co gutabara igihugu cari kigeze. Yafashe impuzu z’umwami Mwezi, arazambara, aca arasohoka asoboka nk’uwutorotse. Aho yagomba abamubona bibaze ko ari umwami Mwezi ariko agerageza kuyanyaga. Bamwe bari bakikuje urugo rwiwe ntibatevye kumuja mu nyuma ngo bahekure Uburundi.

Abasirikare b’abadagi barongowe na Bwana Birenge, ni bo bakurikiye Bihome gushika bamugandaguye n’amasase menshi cane ku mutumba Nkomwe muri Komine Kiganda. Abadagi bose bari mu Burundi bariruhukije bazi ko bagaritse Umwami. Bandikira umwami Keizer bamubwira bati: Umwami w’uburundi twamugaritse, ubu igihugu cose tugifise mu ntoke.

Abadagi aho bumviye ko ingoma yagumye ivumera, bakamenya ko bishe Bihome atari Mwezi Gisabo, bariyanse. Baremeye umwami aguma aganje ariko bakoresha igikenye, nk’uko tuzobibashikirako mu kiganiro cacu c’ubutaha, baramunyaga.

Kugira ube kirumara mu gihugu ntibisaba ngo ube uri iki canke kiriya. Bihome ntiyari mu ngabo z’umwami canke ngo abe no mu nda y’ingoma. Ariko, mu mwanya muto cane yarakoze birashimwa. Kugeza ubu igihugu kiracitwa Uburundi kandi abadagi bashaka bacigarurire.

Ivyo Bihome yakoze ntivyari vyoroshe. Ariko aho hagoye nyene, ni ho yaciye gushika ageze kukitamuryohera ariko kizoryohera abarundi imyaka n’imyaka.

Umwami yahavuye yerekana ko ivyo uwo yakoze ataho bigegwa, mu kumushira ku rutonde rw’abatabazi. Ikibanza kitari bwigere kijamwo umuntu atari mu nda y’ingoma. Yaratahuye ko Bihome atiguze Mwezi Gisabo, nyabuna yiguze igihugu. Umuryango wiwe yarawuninahaje, awugabira ryaka nk’uko yabigirira abandi. Ingabire yatanze ni zo zahavuye zivamwo ingoma Murimirwa na Ruciteme, ingoma n’ubu zikiri mu kigabiro co mu Gishora.

Bihome yavukiye ku mutumba Kanegwa I Kiganda, umutumba wahoze witwa Buturirwa. Yavutse mu muryango w’abajiji umwe mu miryango y’abahutu b’abanyamabanga i bwami.


Uwo muntu ni akataraboneka mu gihugu ; incungu iruta izindi. Igikorwa yakoreye Uburundi ni intibagirwa, n’aho umwami yahavuye aneshwa, Bihome we yaratsinze aho yageza.

Aucun commentaire

Vous devez être connecté pour pouvoir poster un message.
Connexion

Pas encore inscrit ?

Créez un compte en une minute pour profiter pleinement de toutes les fonctionnalités de Zeste de Savoir. Ici, tout est gratuit et sans publicité.
Créer un compte