Tous droits réservés

“Ikirundi: Umuvyeyi ariwe n’abiwe!”

Publié :
Auteur :
Catégorie :
Temps de lecture estimé : 4 minutes

Mumbabarire kuri iyi mvugo iremereye. Ari nka hamwe ururimi rwacu rwoguma rufatwa nk’uko rufashwe ubu, turahakwa kuzimiza izina ubutagisubira kwitwa Abarundi kuko ntawoba yatakaje ururimi, akaranga,… ngo asubire kwitwa Umurundi.

Ikirundi mu karere k'ibiyaga binini

Mu biyaga binini, ururimi rw’ikirundi rukoreshwa n’abantu batari bake. Ibihugu vyo muri afrika rukoreshwamwo ni Uburundi, Urwanda, ibice bitari bike vyo muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, Tanzaniya ,n’ibindi. Co kimwe n’ikinyarwanda, ni ururimi rukoreshwa mbere no mu bindi bice vy’isi aho usanga abarundi barimukiye.

Abo bimukira bashitse iyo bimukiye, baguma bumva kandi rimwe na rimwe bakoresha urwo rurimi n’aho kenshi ababavukako bagenda barabiheba bukebuke. Uko babiheba nikwo ururimi rusubira i nyuma. Aho izindi zigwiza abazikoresha, ikirundi coco kikaguma kigabanura abashobora kugikoresha.

Ukwikengera kw’abarundi mu gihe akoresha ururimi rw’amavukiro

N’abakiba mu burundi baracinuba. Iyo umuntu ariko akoresha ikirundi usanga umerngo arikengera. Kenshi abakiri bato bobo usanga biyorohereza, gurtyo ugasanga baguma bahenurira urwo rurimi ku batama. Ukumva ngo : sha, ico kirundi c’abatama ukoresha, twebwe wibaza ko tuvyumva ?

Bitayeko, iyo umuntu ariko aravuga aja arashiramwo utujambo tw’indimi mva makungu usanga umengo arubahitse. Vyoba vyatanguye kera hakiza abazungu bazanye inyigisho mu burundi. Umuntu kugire ngo yerekane ko yize yaja aravuga avanganya indimi. Uwamwumva yaca yumva ko yaciye kw’ishule.

Ikirundi, n’indimi mvamakungu

Mu burundi haja harinjira indimi nyinshi cane. Habanje igifaransa n’ikilatini, haraza icarabu, igiswahili n’icongereza. Ubu hoho hongeyeko n’igishinwa. Igiswahili coco gituruka hafi mu babanyi gitanguye kuja mu mashule mu minsi ya vuba. Hambere, uwavuga igiswahili bamufata ko yoba ari umubeshi.

Uko kuntu abarundi batondeka indimi bigaragaza ikibanza baha ururimi rw’ikirundi. Uwuvuze izo zindi bamubona nk’uko ari incabwenge, umuzungu, umunyamahanga koko. Babona ko ari umuntu ahambaye cane.

Ivyo ntibiri kure y’ibikoresho vya none canke bishasha usanga ata nakimwe gifise izina mu kirundi. Ivyo bitumwa n’uko abantu babizana baca babigumiza mu ndimi mvamakungu hanyuma abarundi nabo bakanebwa no kubironderera amazina y’ikirundi kuko baba bumva ico bisigura muzindi ndimi.

Tuvahe tukaja he ?

Aho tubaye, ivyo dukora, eka mbere n’ivyo twimirije gukora usanga ikibanza ururimi rwacu rufise ari gito cane. Haba mu mico kama, politike mbere n’ibikorwa vy’ubuhinga bwa none hamwe n’iterambere, usanga ikirundi cacu ata kibanza rufise canke rufise gito cane. Ivyo biri uko mu gihe mu Burundi tugifise abantu batari bake batazi urundi rurimi na rumwe. Abo rero usanga bagira ingoranane igihe baba bariko barigishwa ibikorwa vy’iterambere biri muzindi ndimi.

Mu bize naho, ikibaraje ishinga si gukomeza no gukoresha urwo rurimi. Ahubwo, bababajwe no kwiga indimburo mbere n’amayagwa y’abanyaburaya n’abanyamerika. Ivyo bituma ururimi ruguma rusubira inyuma haba kw’isi mbere no mu burundi.

Abakiri bato nabo bemeza ko ururimi rw’ikirundi rugoye cane. Ivyo bituma baca barusuzugura bakarufata minenerwe. Narwo na rirya ari agakoni gakomezwa no kwishimikizwa, ruca rusubira inyuma.


Aka kamo gakwiye kwumvwa n’Abarundi bose.

Aucun commentaire

Vous devez être connecté pour pouvoir poster un message.
Connexion

Pas encore inscrit ?

Créez un compte en une minute pour profiter pleinement de toutes les fonctionnalités de Zeste de Savoir. Ici, tout est gratuit et sans publicité.
Créer un compte